Ingene Wosoba Imfashanyo y'Ugutabara abashikiwe n'ivyago
Nimba waragize ivyononekaye canke utakaje ibintu kubera ibihuhusi bihambaye, imyuzure, imyuzurira y'ubutaka be n'ivyondo vyadutse hagati ya 29-31 Mukakaro 2024, FEMA yoshobora kugufasha. Urashobora kuronka imfashanyo y'amahera yo gukurwa mu mazu yawe, ugukenera ibintu bikomeye, iy'uburaro bw'imfatakibanza, iy'ugusanura inzu yawe, iy'ugutakaza ibintu vyawe bwite hamwe n'ayandi mahera y'ivyago atarangwa n'ubwishingizi. Turagusavye niwumve, Umusi ntarengwa wo gusaba imfashanyo ku muntu ku giti ciwe ni igenekerezo rya 25 Munyonyo 2024.
Porogarama ya FEMA y'Imfashanyo giti ifatiye ku bihuhusi vyo kw'igenekerezo 29-31 Mukakaro irerekeye gusa abafise amazu n'abayakodesha mu turere twa Caledonia, Essex, na Orleans . Hari uburyo bwinshi bw'ugusaba imfashanyo ya FEMA:
Uburyo bworoshe bw'ugusaba ni ukuja ku ngurukanabumenyi kuri DisasterAssistance.gov. Wosaba ukoresheje Ubuhinga bwa FEMA ku bikoresho vy'ubuhinga bwa none canke mu gutera akamo ku buntu kuri 800-621-3362. Iyo terefone irakora misi yose, kandi umuntu arashobora kuronka imfashanyo mu ndimi nka zose. Nimba ukoresha serivisi yo guhanahana amakuru nka VRS, serevise yo guhanahana amakuru biciye kuri terefone canke izindi, nurungikire FEMA inomero yawe kuri iyo serevise. Urashobora kandi kugendera ikigo kijejwe gukinga ivyago (DRC) hama uwuserukira FEMA akakuyobora mu buryo bwo gusaba. Ku yandi makuru ajanye na DRCs, raba fema.gov/drc.
Kugira ngo urabe ividewo yerekana ingene wosaba raba Ibiboneka vya FEMA: Kwiyandikisha kugira uronke imfashanyo ku giti cawe (FEMA Accessible: Registering for Individual Assistance, youtube.com).
Imfashanyo Nshasha za FEMA
- Imfashanyo ikenewe cane: Umushahara w'igihe kimwe wa $750 ku muryango kugira ngo ufashe kuriha ibintu vya nkenerwa, harimwo amazi, ibifungurwa, imfashanyo ya mbere, imiti, imiti y'inzoga y'inzoya, ibikoresho vyo kwonsa, udupfukamunwa, ibikoresho vyo kwa muganga bikoreshwa, ibikoresho vyo kwa muganga biramba, ibikoresho vy'isuku ry'umuntu ku giti ciwe be n'igitoro co kwiyunguruza.
- Imfashanyo y'ugukurwa mu nzu: Amahera yo kugufasha kuronka aho uba vyihutirwa mu gihe woba udashoboye gusubira i muhira kubera icago. Ayo mahera arashobora gukoreshwa mu kwigumiza mw'ihoteli, ari kumwe n'umuryango n'abagenzi, canke mu bundi buryo, mu gihe urondera inzu y'ugukodesha ikiringo gitoyi.
Gutahura ikete ryawe rya FEMA
Nimba warasavye imfashanyo ya FEMA inyuma y'ibihuhusi vyabaye kuva kw'igenekerezo rya 29-31 Mukakaro, uzoronka ikete rivuye kuri FEMA ryerekana ko wemerewe gufashwa biciye kuri posita canke kuri imeri. Ikete rizogufasha kuTahura ingene ivyo wasavye bimeze n'ingene wokwishura. Birashobora kuba utegerezwa kurungika ayandi makuru canke ibindi vyemeza kugira FEMA ibandanye gutunganya ivyo usavye imfashanyo y'amahera. Nimba ufise ibibazo ku bijanye n'iryo kete, canke ukaba utavyemeye n'ingingo ya mbere yafashwe, nuje kuri Ikigo c'Ugukira Ivyago (Disaster Recovery Center) canke utere akamo umuronko w'ugutabara mu gihe c'ivyago kuri 800-621-3362 kugira utahure amakuru FEMA ikeneye.
Ikigo c'Ugukira Ivyago
- Akarere ka Caledonia: Lyndonville Public Safety Facility, 316 Main St. Lyndon, VT 05851
- Akarere ka Essex: Brighton Town Hall Gym, 49 Mill Street, Island Pond, VT 05846
Urashobora kandi kuja kuraba ibindi bibanza vyacu vya DRC vyuguruwe bivuye ku bihuhusi vyabaye hagati y'igenekerezo 9-11 Mukakaro 2024:
- Akarere ka Chittenden: Waterbury Armory, 294 Armory Blvd, Waterbury, VT 05676
- Akarere ka Washington: Hinesburg Town Hall, 10632 Route 116, Hinesburg VT 10191
Ivyo bibanza vyose birashobora gushikira abagendana ubumuga be n'abafise ivyo bakeneye, kandi birafise ibikoresho vy'ubuhinga bwa none bwo gufasha. Nimba ukeneye indaro ibereye canke umusiguzi w'ururimi rw'ibimenyetso, turagusavye tera akamo 1-833-285-7448 (koresha 2 mu gisupanyoli canke 3 mu zindi ndimi).
Ingurane z'ivyago ku nyungu nkeya
U.S. Small Business Administration (SBA) irungika ingurane ku nyungu nke ku vyago ku bafise amazu, abakodesha, amashirahamwe y'ubudandaji n'ay'abikorera inyungu, kugira ngo bashobore kuriha ivyononekaye bidashumbushijwe n'ubwishingizi be n'ibindi bintu. Urashobora kubisaba ku ngurukanabumenyi kuri: SBA.gov/disaster. Amakuru yerekeye ingurane z'ivyago arashobora kandi kurungikwa mu gutera akamo Ikigo kijejwe gufasha abakiriya ca SBA kuri: 800-659-2955 canke urungike imeri kuri disastercustomerservice@sba.gov.
Ibindi bikoresho
- Imfashanyo y'ukubura akazi mu gihe c'ivyago irahari ku mashirahamwe n'abanyagihugu bo muri Vermont batakaje ubuzi bwabo kubera ibihuhusi vyabaye kuva kw'igenekerezo rya 29-31 Mukakaro. Abanyagihugu bakwije ibisabwa barashobora kurungika icegeranyo ku https://labor.vermont.gov/dua
- Abajejwe uburimyi mu turere twatewe n'ico cago muri Vermont bashobora kuronka ingurane z'imfashanyo ziva muri Farm Service Agency (FSA) biciye mu rwandiko rwa USDA rwerekana ko habaye ivyago. Ja ku ngurukanabumenyi www.farmers.gov/recover kugira ngo mutahure vyinshi.
- Wipfuza gutahura vyinshi ku bijanye n'ibikoresho vy'akarere be n'ivy'intara, Intwaro y'Ivyago y'i Vermont
Niwirinde uburiganya
Abakozi ba FEMA bakorera mu turere twatewe n'igihuhusi co kw'igenekerezo 29-31 Mukakaro baritwaza amafoto y'abategetsi. Abaserukira FEMA ntibigera basaba amahera abasaba gufashwa mu gihe c'ivyago, kugenzura canke gufasha mu kwuzuza impapuro z'inzira. Ivyo bakora nta co bibatwara. Ntiwemere umuntu n'umwe asezerana ko azobaha imfashanyo y'amahera yo gufasha abashikiwe n'ivyago mu gihe yobaha amahera. Ntuhe amakuru ajanye n'ibanki yawe umuntu ayaga ko ari umuhagarikizi wa FEMA. Abagenzuzi ba FEMA ntibigera bemererwa kwegeranya amakuru yerekeye amahera yawe. Nimba wibaza ko hari uwugutoteza, nubibwire igipolisi c'aho iwanyu canke ibiro vy'igipolisi.